Umutekano muke mu ntara ya Kayanza, komine Matongo

0

Abantu 6 baraye bishwe, 3 barakomereka uwundi 1 aranyuruzwa mu ntara ya Kayanza, komine Matongo ku mutumba Nyarumanga. Hari mu gitero c’umurwi witwaje ibirwanisho. Ivyo bishitse mu gihe havugwa imirwi yitwaje ibirwanishi yinjiye mw’ishamba rya Kibiri baciye I Musigati mu ntara ya Bubanza, abandi nabo bikavugwa ko baciye mu kiyaga ca Tanganika binjirira mu ntara ya Rumonge.

 Aho nyene mu ntara ya Rumonge herekanwe ubwato bubiri bwaturiwe n’abajejwe umutekano babasirikare bakaba bagiriza abatwara ubwo bwato kuba bazana abagwanyi.