General Ndirakobuca yashinze ibigwati vy’amahoro mu nkambi z’abateshejwe izabo mu gihugu hagati

0

Iryo tegeko akaba yariteyeko umukono kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 ukwezi kw’icenda 2020. General Ndirakobuca Gervais batazira Ndakugarika, yagenywe kuba umushikiranganji w’intwaro yo hagati, akaba yandikiye ba buramatari bose ko bovuga ahari amasite yabateshejwe izabo mu ntambara yatanguye mu mwaka wa 1993, igihe hagandaguriwe umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye.

Abo ba buramatari bagasabwa kuvuga amatango barimwo banyeneyo n’ubwaguke bwayo n’ukwandika abari murayo masite hamwe nukuvuga ibibanza bihari kugira abandi benegihugu bashobore kuza kuyabamwo acike ibigwati vy’amahoro.

Ivyo bikaba vyashimishije abatari bake kuko kenshi basaba izo mpunzi gusubira mu mihana yabo nabo bakavuga ko umutekano wabo utaraboneka neza mugihe hagize igikoma abenegihugu baca basubiranamwo. Izo mpunzi zikavuga kandi ko zamaze kumenyera ubuzima bwo mu masite n’amazu meza amaze kubakwa.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, General Ndirakobuca Gervais, akaba rero yaciye akurikiza politike ya leta yo kugwiza ibigwati narirya bica vyoroha kuzana iterambere.