UBM News ads

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika riri mu gacerere ku rubanza rwaciriwe Buyoya Pierre

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyerekana ko ibintu bitanguye gukomera ku wahoze arongoye Uburundi Pierre Buyoya. Aho ni mugihe hasohorwa umutahe wo guhagarika Pierre Buyoya, iryo shirahamwe asanzwe akorera ryaciye risohora itangazo ryo gusaba Leta ya Gitega ko itobandanya ifata ingingo zituma atamuti w’ingorane utorwa ku kibazo c’Uburundi.

Ariko Leta ya Gitega ntiyavyumva uko ahubwo yabandanije gusatira iyo dossiye y’igandagurwa ya Perezida Melchior Ndadaye. Ubu abasirikare bakuru bakuru bo mugisoda ca kera FAB n’abari mu nzego zikuru z’umugambwe UPRONA bashika hafi 20 bakaba baciriwe urubanza na sentare ntahinyuzwa.

Uwo yahoze arongoye Uburundi Pierre Buyoya akaba akorera mu gihugu ca Mali aho aserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika akana riserukira mu karere ka Sahel.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments