Umwana umwe yapfuye ahitanwe na Gerenade

0

Abana babiri bari baragiye impene kuri uwu w’Imana ku musozi Zege, karitiye ya Musinzira, intara ya Gitega batoye ahantu hari hanyegejwe Gerenade zitatu baca batangura kuzikinisha. Inyuma y’umwanya muto, imwe muri izo Gerenade yaraturitse ihitana umwe muri abo bana, uwundi arakomereka cane.

Uwo yitavye Imana aho nyene ni Landry DUSABE w’imyaka icenda, uwakomeretse cane nawe akaba ari Parfait BIZIMANA w’imyaka 11.

Mu giporisi bamenyesha ko izo Gerenade zoba zari zanyegejwe ngaho n’umuntu ataramenyekana, abo bajejwe umutekano bagasaba abavyeyi n’abandi bantu bose bagitunze ibirwanisho ko bobishikiriza abajejwe umutekano, kugira ntibibandanye gukora ibara.