Gitega : Abantu 36 nibo bamaze kumenyekana ko bakomeretse

0

Abantu bagera kuri 36 nibo bamaze kumenyekana ko bakomeretse mw’isanganya ry’imodoka ryabereye kuri uwu w’Imana kw’ibarabara Gitega – Rutana, ku musozi Rukoki, komine Bukirasazi, ku rubibe intara ya Gitega ihana n’intara ya Rutana.

Iryo sanganya ryatewe n’imodoka yo mu bwoko bwa Hiace ifise iparati ndangamuduga B5991A yacitse ifire (Freins), ica igonga abantu bo mw’idini rya Katorika bariko bahererekana ibisigarira vy’Umweranda Tereza w’umwana Yezu. Ivyo birori vyari bihagarariwe n’Umwepiskopi w’intara ya Rutana hamwe n’Umwepiskopi w’intara ya Gitega.

Nk’uko mu giporisi bemeza ayo makuru babivuga, abakomeretse bose uko ari 36 baciye bajanwa kuvurirwa ku bitaro vy’i Kibuye.