Umuti bactrime ntiwabuze m’Uburundi

0

Ivyo bivugwa na Muganga Aimé Ndayizeye, arongoye umugambi w’igihuguwo kurwanya SIDA, inyuma yaho habereye imyidogo y’abagwayi b’umugera wa SIDA mu ntara nshasha ya Rumonge bavuga ko bataronka umuti bita bactrime ugwanya ingwara z’ivyuririzi nk’inkororra malaria igituntu no gucibwamwo.

Muganga Aimé Ndayizeye akavuga ko uwo muti uhari kurugero rukwiye, akavuga ko murí kino gihe umuntu bamutoye SIDA baca bamushira kumiti ya SIDA kugira agume akomeye ataca afata umuti bactrime nka kera mu kurindira ko aronswa imiti ya SIDA.

Muganga Aimé Ndayizeye akavuga ko bariko barakurikirana ko abakeneye uwo muti bose bawuronka ku bitaro bibegereye kukoufatwa mugihe hadutse ingwara z’ivyuririzi biterwa n’umugera wa SIDA.