Imisozi yaraguye ku bantu muri komine Mugina mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatatu

0

Ivyo vyabaye kubera imvura nyinshi yaguye mur’iyo komine ya Mugina mu ntara ya Cibitoke. Abantu bashika 26 bakaba bamaze kuhasiga ubuzima, 7 barakomeretse, 10 nabo ntibatorwa irengero nkuko ubushikiranganji bw’umutekeno no kurinda impanuka bubivuga mu biharuro vyabo vy’imfata kibanza.

Imitumba yakozweko cane akaba ari zone Nyempundu, Gikomero na Rukombe iri muri zone Nyamakarabo. Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kurinda impanuka akavuga ko n’amazu menshi yabomowe atwagwa n’iyo mvura y’isegenya. Abenegihugu bo mur’iyo zone bagasaba abategesti n’abagiraneza kubagarukirako.