Umugore azwi rya Kamikazi Karerwa Gloriose yakatiwe gufungwa imyaka itatu hamwe no gutanga ihadabu ya 610 millions FBU yagirizwa gutyoza abo badasangiye ubwoko.
Uwo Gloriose yaciriwe uwo munyororo nayo manade mu Ntara ya Kayanza ejo ku wa 5 Kigarama 2019 yagorizwa gutyoza abakenyezi bari muco bise Femme Intwari.

Nk’uko biboneka ku mbuga ngirukana bumenyi, uwo Gkoriose wo mu bwoko bw’abatutsi akaba yavuze ko ‘abagore bo mu bwoko bw’abahutu bameze nk’inkware ku mudugo’ bisobanura ko ari abantu bakengeretse kandi ata kibanza bafise mu kibano.
Uyo mugore akaba yagirizwa kandi kwerekana ku mugarararo ko afise urwanko rushingiye ku bwoko kandi ivyo navyo bigahanwa n’amategeko.
Ayo majambo akaba yayavuze igihe Uburundi bwahimbaza imyaka 57 bwikukiye mu kwezi kwa Mukakaro uyumwaka wa 2019.






Recent Comments