Umutekano muke uravugwa mu makomine ya Mukike na Musigati

0

Amajwi menshi y’amasasu n’amajwi y’abantu aguma acanacanako amenyesha ko hari ibitero biriko biraba mu makomine ya Mukike iri mu ntara ya Bujumbura. Umusoda umwe akaba yaritavye Imana mu gihe yarikumwe n’abandi basirikare bari bagiye kugarukana umutekano muri komine Mukike hari kur’uyu wagatandatu. Abo basirikare bakaba baguye mumutego w’abantu bitwaje ibigwanisho bataramenyekana.

Eka no muri komine Bugarama iri mu ntara ya Rumonge harumvikanye urwamo rwamasase nabantu barahasiga ubuzima. No muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza haravuzwe umugwi witwaje ibigwanisho washaka kwinjira mu kibira ariko uca utegerwa n’abasirikare ba Leta niho gutana mu mitwe kuva isaha 2h z’agatondo kur’uyu wagatandatu gushika kumugoroba isaha 17h. Ariko hakavugwa nuwundi murwi winjiye ico kibira uwo musi nyene.

Gushika ubu rero nta murwi numwe uremanga ko wagavye ivyo bitero. Imisore itari mike muri komine Mukike ikaba yaratawe muri yompi, imiryango yabo igatinya ko bashobora kugandagurwa, iyo miryango igasaba kwababo batogirwa gukererwa no kunyuruzwa no kutumvirizwa n’ubutungane.