Abagabo batatu kur’uyu wa wa mungu barafashwe bagana kw’isoko ryo kwa Sioni mu gisagara ca Bujumbura. Abo bagabo bakaba bari bihambiriyeko ibitenge biva mu gihugu kibanyi c’Uburundi ca Congo. Ivyo bitenge biva mu bindi bihugu bikaba vyarabujijwe kwinjizwa m’Uburundi kugira bakingire ibitenge bikorerwa m’Uburundi n’ishirahamwe AFRITEXTIL ryasubiriye ishirahamwe COTEBU mu gukora ibitenge.

Eka sabo gusa bamaze gufatwa benshi bakaba baja mur’urwo rudandazwa kuko ivyo bitenge biva hanze birunguka cane kandi birakundwa n’abakenyezi kuko bavuga ko bisa neza kandi bifise ubukomezi. Benshi kumbuga ngurukana bumenyi bakavuga ko badashobora kwambara igitenge cavuye mw’ihinguriro AFRITEXTILE.
Abize ivy’ubutunzi nabo bakabona ko boreka ivyo bitenge bikinjira kumugaragaro kugira habe ihiganwa ry’amashirahamwe. Abo bahinga bakavuga ko guhanahana ibidandazwa bituma haba ihiganwa mu vyerekeye ibiciro bica bimanuka kandi amahinguriro aca agerageza gukora ibidandazwa vyiza bishimisha ababigura. Eka n’ubutunzi mu gihugu buca bwiyongera kuko bose baratanga amatagisi hamwe n’akazi.





Recent Comments