Ezechiel Nibigira ahamagarira Imbonerakure gucungera umutekano

0

Ivyo yabivugiye mu ntara ya Kayanza mugihe umugambwe CNDD-FDD uri kubutegesti m’Uburundi wariko urahimbaza umusi wahariwe imbonerakure kur’uyu wa gatandatu. Igikorwa gikorwa n’uyo mugambwa gusa m’Uburundi.

Iyindi migambwe ikaba itaratanguza ico gikorwa. Ezechiel Nibigira, akaba yarigeze gutwara urwo rwego rw’imbonerakure mu mugambwe CNDD-FDD, ubu akaba ari umushikiranganji w’ibikorwa vya EAC, Urwaruka, inkino n’imicokama.

Mur’iryo jambo ryo kur’uyu wagatandatu mu ntara ya Kayanza yasavye imbonerakure gucungera umutekano ngo kuko atamusirikare kunzu kunzu azigera aboneka. Akavuga kandi ko abari babujije izo mbonerakure gukizura bavyumvise nabi.

Ivyo bikaba bihushanye nivyo bulamatari w’intara ya Kayanza mushasha yavuze imisi yambere, Colonel Rémy Cishahayo akaba yarihanikirije imbonerakure gusubira gukizura, ko igikorwa c’umutekano kiraba abapolisi n’abasirikare, imbonerakure ikaba ijejwe gutanga amakuru gusa, gukizura ko kibujijwe.

Abatavuga rumwe na Leta n’abaharanira agateka ka zina muntu bakabona ko izo mbonerakure atabuhinga bwo gucungera umutekano bafise kuko baca birara mubanyagihugu bakabatera ubwoba bagasahura, mbere ko bashobora no gutera abarundi bahunga abandi nabo ntibahunguke.