UBM News ads

Umutanzaniya wambere yahitanwe nikiza coronavirus

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyavuye mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwo mu gihugu ca Tanzaniya. Iryo tangazo rikavuga ko uwo muntu w’umugabo yarafise  imyaka 49 akaba yari yaratowe iyo ngwara y’ikiza ya coronavirus.

Uwo mugabo akaba ngo yarafise izindi ngwara zituma abasodo bo mu mubiri wiwe bagabanuka, ico kiza naco gisanze abasoda bo mu mubiri bimwe bita anti corps globules mu kirimi c’igifaransa badafise inguvu zikwiye kenshi kirahitana umugwayi. Mur’ico gihugu kibanyi ca Tanzaniya rero hamaze gutorwa abantu bagera 19 bagwaye iyo ngwara, umwe akaba amaze gukira iyo ngwara.

Ivyo biruko mu gihe ibihugu nka vyose vyugaye imipaka yavyo indege zitwara abantu zirahagarara, mbere ibihugu bitari bike bikaguma bibuza ku nguvu abnyagihugu bavyo kuva mu mazu. Ivyo bigatuma inzara itera murivyo bihugu, ibihugu vyifise bigahitamwo gutanga imfungurwa kubatishoboye bakorera amahera ku musi kumusi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments