Umushingamateka yateye ubwoba umunyamakuru ko ‘azomumena umutwe’

0

Mu nkuru ziriko zicanacanako hariko havugwa amakuru y’umushingamakteka yatowe mu ntara ya Cankuzo yitwa Englebert Ngendabanka yateye ubwoba bikomeye umunyamakuru w’ikinyamakuru Iwacu.

Uwo mushingamateka yatowe mu mugambwe CNDD-FDD yateye ubwoba uwo munyamakuru wa Iwacu ko ‘ashobora kumumena umutwe’ mu majambo bariko babwirana.

Biragararaga ko uwo mushingamateka yariko yiyamiriza inkuru yamukozweko muri ico kinyamakuru.

Ikinyamakuru iwacu kikaba gisanzwe kitarabwa ryiza na leta ya CNDD-FDD kubera ico kinyamakuru gikunze kuvuga ibitagenda neza mu gihugu c’Uburundi kuva mu mwaka wa 2015 amaradiyo yigenga yugawe.

Kurikirana ngaha ico kiyago hagati yuwo mushingamateka nuwo munyamakutru wa Iwacu.