Ingaruka za COVID-19 zatanguye kwibonekeza mu Burundi

0

Mu gihe ejo hahise ariho hamenyekana ko mu BurundI hari abarwayi 2 b’Abarundi banduye ca kiza kiriko gisasika inganda mwisi arico Coronavirus canke COVID-19, ibintu nabantu biriko bigenda nabi.

Abo barwayi 2 batumye Abarundi narenga imilioni 11 bagira ubwoba bidasnzwe kandi bagasigarana ibibazo.

Amakuru ashirwa ahabona amenyesha ko leta iriko irarondera abo bose bagize imibonano n’abo barwayi babiri baraye bashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu mu Burundi, canke mbere uwo wese yabonaye nabo yokwishikana bidatevye agapimwa.

Abo barwayi bose bakaba baba mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura mu Kanyosha.

Mu ntara ya Makamba ishirahamwe Mutuelle de la Fonction Publique ryashize umukozi waryo ukwiwe umwe yemanze ko yabonanye numwe muri abo barwayi babiri bashizwe ahabona.

I Makamba kandi hakaba habaye ivyo kwugara Mutuelle de la Fonction Publique inyuma yo gushira ukwiwe uwo mukozi wa Mutuelle i Makamba mu bumanuko bw’Uburundi.

Abarundi baribaza nimba vyukuri leta izohava igire bimwe vyo kwugaranira abantu mu mazu(Confinement total) igihe uwo mugera wohava ugwira mu gihugu.

Biriko biribazwa kandi ko amatora ashobora guca yigizwa inyuma hama umukuru w’igihugu ahari akabandanya atwara Uburundi gushika ico kiza gicureshe.

https://twitter.com/JimbereMag/status/1245276996634136577?s=20