UBM News ads

Umusirikare w’Umurundi yarishwe muri Centrafrique

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umusirikare umwe wo mu murwi w’Abarundi yaraye yishwe ejo ku ku musi wa mungu ari muri wa murwi ugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique, Minusca.

Amakuru yashizwe ahabona na Minusca(umurwi wo kugarukana amahoro muri Centrafrique) amenyesha ko uwo musirikare w’umurundi yishwe hariko hakorwa ukwivuna igitero co gusubiza inyuma abarwanyi ba Anti-Balaka bari babateye.

Ico gietro ca Anti-Balaka kibaka kije inyuma y’ibindi vyama vyakozwe ku basirikare bo muri Minusca muri ico gihugu nyene hamwe no muri Somalia.

Umurwi wa Minusca ukaba wahojeje Abarundi hamwe na leta y’Uburundi kuri ukwo kubura umusirikare w’igihugu.

Vyaravuzwe cane mu misi yajhera ko Abasirikare b’Abarundi babangamirwa cane mu bihugu vya Somalia na Centrafrique kubera badafise ibikoresho bikwiye vyo kwivuna umwansi, ivyo leta y’i Gitega itaragira ico ibivuzeko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments