Gushika ejo ku musi wa mungu itariki 15 Ntwarante 2020, abantu bashika kuri batanu nibo bamaze kwandura ikiza c’ingwara ya Coronavirus mu gihugu kibanyi n’Uburundi arico Rwanda.
Ivyo bikaba biboneka mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu mu gihugu c’Urwanda.
Nk’uko iryo tangazo ribishira ahabona, abo bose bamaze kwandura Coronavirus mu gihugu c’Urwanda ni ababa bavuye mu bihugu vyo hanze nka za Amerika na Buraya.

Leta y’Uburuundi hamwe n’abandi bategesti batari bake na cane cane abo ku mupaka bari maso cane na rirya hasanzwe hari uruja n’uruza hagati y’Uburundi n’Urwanda.
Ivyo vyatumye abanyeshure batari bake b’Abarundi biga mu gihugu c’Urwanda bakura meza maze baraheza binjira mu gihugu c’Uburundi bigoranye cane ejo ku musi wa mungu.
Abo banyeshure bahora biga mu Rwanda bakaba baciye bashikirizwa ukwa bonyene(mis en quarantaine) mu ntara ya Ngozi ihana urubibe nyene n’Urwanda.






Recent Comments