UBM News ads

Ingaruka z’umugera wa coronavirus wageze mu gihugu c’Urwanda k’Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Iyo nkuru ikaba yatanguye kuvugwa ku mus iwa gatandatu aho umuhindi aba i Kigali yaje kwivuza mu kwa muganga, bapimye basanga afise umugera wa coronavirus. Uwo muhindi akaba yari yakubitiye mu gihugu iwabo muri Inde agaruka itariki 8 ntwarante. Akaba afise n’ihoteli mu gisagara ca Kigali.

Abashinzwe amagara y’abantu mu gihugu ca Kigali bakaba baciye bamujana kumuvura ahawenyene kugira ntiyanduze abandi bagasaba abantu bose babonanye nuyo muhindi kuva iyo tariki ko boza kwipimisha. Gushika ubu rero abantu batanu baramaze gutorwa uyo mugera, Leta y’Urwanda nayo ikaba yaciye yugara amashure amasengero ubugeni n’inkino.

Abanyeshure babarundi biga murico gihugu c’Urwanda bakaba baciye bataha kur’uyu w’Imana ariko basanga umupaka Uburundi buhana n’Urwanda urugaye baca barindiriraho. Inyishu yagiye gutorwa kumuhingamo aho abo banyeshure baciye bajanwa mw’ishure ry’ubuvuzi ry’i Ngozi aho iryo shure ryaciye rigirwa aho bazopimira iyo ngwara, abari kuriryo shure bakaba baciye babashira kw’ishure ry’ubuvuzi ry’i Gitega.

Amakuru dukura i Ngozi kur’iryo shure akavuga ko aba bashikiye aho hantu babuze imfungurwa uburaro bwiza hamwe n’imiti yo kubapima n’ibikoresho vyo kubakingira.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments