Umusi mukuru mpuzamakungu w’umukenyezi wahimbarijwe mu ntara ya Gitega

0

Mw’itangazo ryiwe umushikiranganji ajejwe iyubahirizwa ry’agateka kazina muntu n’igitsina no gufatana munda, Martin Nivyabandi, yasohoye kur’uyu wa kane yamenyesheje ko imigambi myinshi imaze kurangurwa yo gushigikira abakenyezi aho ni nko kubahiriza amategeko n’amasezerano abakingira, ishirwaho ry’umugambi ”mera nk’abandi” hamwe n’umurwi w’igihugu wo kwiga gutegekaniriza kazoza abakenyezi.

Marie Louise Kamikazi, umunyamabanga nshingwabikorwa w’amashirahamwe ajejwe kuziganya no kuguranana, yasanza abakenyezi benshi batazi ko bashobora kwaka ingurane murayo mashirahamwe. Ivyo yabivugiye mu nama yakoresheje kur’uyu wa kane arikumwe n’abakenyezi baserukira abandi.

Ivyo biruko mu gihe abakenyezi bahora badandariza ivyamwa hagati mugisagara ca Bujumbura bakuweho bakimurirwa mu masoko ari kunkengera z’igisagara ca Bujumbura. Abo bakenyezi bakavuga ko bashobora gutanguza umutahe w’ibihumbi cumi bakaronka inyungu y’ibihumbi bitanu bigatuma bashobora gufungurira umuryango. Abo bakenyezi bagasaba inzego za Leta kwiga ico kibazo kugira barabe ingene basubira gukorera hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Umusi mpuzamakungu w’umukenyezi ukaba wahimbarijwe mu ntara ya Gitega kur’uyu wa gatanu, umupfasoni w’Umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza, akaba ariwe yateye iteka ivyo birori. Icivuga c’uwo musi mukuru ni :” Umukenyezi ashigwe imbere mu migambi irashe yogutegekanya kazoza”