Icinyegeje inyuma y’urugendo Paul Kagame yakoze muri Tanzania.

0

Muri iyi misi hari umubano mubi hagati y’Uburundi n’Urwanda, hamwe n’Ubuganda, umukuru w’igihugu c’urwanda, Paul Kagame, yarakubitiye kwa Mugenziwe wa Tanzania, John Pombe Magufuli.

Abatavuga rumwe na Kagame batanguye kuvuga ko yoba agiye guhiga ubufasha kwa Magufuli muri Tanzania mu matati ari hagati ya Kagame, NKurunziza na Museveni.

Umuntu umwe yiyita “Uwivuga” kuri Twitter akaba yamenysheje ikindi kintu cotuma abategetsi b’Uburundi bagaba.

Uwo asa nuwutavuga rumwe n’ubutegetsi bwa kagame yamenyesheje ko ‘abasirikare b’URwwanda boba baratanguye kwinjira mu gihugu c’Uburundi mu mezi aheze’.

Biravugwa kandi ko abasirikare b’Urwanda boba bagwiriye cane ku mupaka w’Urwanda na Uganda muri iyi isi hari impari hagati y’ivyo bihugu zijanye n’uko Urwanda rwugaye urubibe rwa Katuna ku mupaka w’Ubuganda.

Urwanda rukaba rwagiriza Ubuganda ko Museveni abitse abarobeli bashaka gutembagaza leta ya kagame, ivyo Ubuganda bwamirira kure.