Umwe mubagirizwa guturira umuntu mu myiyerekano yo mu 2015 yafashwe n’igipolisi

0

Uyo yafashwe yitwa Ntakarutimana Célestin nkuko bivugwa na Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’igipolisi kur’uyu wa gatatu. Pierre Nkurikiye akavuga ko uwo Ntakarutimana Célestin ariwe yatuye hasi uwo yaturiwe mu myiyerekano yo mu 2015 yagirizwa kwari imbonerakure.

Pierre Nkurikiye abandanya avuga ko uwo Célestin Ntakarutimana ariwe yahamagariye abandi bari mu myiyerekano gufata no guturira uwo mwenegihugu akoresheje ifirimbi n’icuma kivugira hejuru bita microphone. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano akavuga ko uwo Ntakarutimana Célestin ariwe yanaze hasi uwo yaturiwe mu nyuma yo guturirwa.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano akavuga ko uwo Célestin Ntakarutimana yamaze kuvuga abamutumye ko nabo nyene bazokwirikiranwa bagafatwa. Pierre Nkurikiye akavuga ko uwagize ico yonona wese azokurikiranwa ahazoba ari hose.

Ivyo biruko mugihe abari imbere cane mu myiyerekano yo mu 2015 baguma bahakana ko ataribo batumye uwo muntu aturigwa muriyo myiyerekano, bakavuga ko ababikoze bohanwa biciye mu mategeko co kimwe n’abishe abantu bose bidaciye mu butungane