Monday, September 26, 2022
HomeNewsUmushikiranganji w’ubutungane aragabisha abacamanza barya ibiture

Umushikiranganji w’ubutungane aragabisha abacamanza barya ibiture

Mu rugendo yagize muri sentare zikukira komine Ntahangwa kur’uyu wa kabiri, umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana, mu nama yagiranye n’abacamanza yarabamenyesheje ko bategerezwa kuvavanura n’ingeso mbi yo gusaba ibiturire ababituye. Akaba yaradomyeko urutoke sentare y’intango ya Kinama na sentare y’intango ya Buterere.

Umushikiranganji w’Ubutungane, Aimée Laurentine Kanyana, yabasavye gutera kugikumu kurupapuro rwo kwiyemeza kutarya  ibiturire, uwo mushikiranganji yarabasavye kuja mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana kugira bimare ubukene. Abacamanza nabo bakaba baramenyesheje ko bakora ari bake arinaco gituma amadosiye ateba guhera.

Aimée Laurentine Kanyana yarasavye abacamanza ko bonyarutsa amadosiye ajanye n’amatati yaduka mu miryango hamwe n’amatati ari hagati y’abapanze amazu batariha amazu babayemwo. Akavuga ko ayo madosiye atarakwiye gushika hejuru muri sentare ntahinyuzwa.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...