Abarundi 25 bafatiwe muri Kenya bariko baja muri Asia.

0

Abakenyezi b’Abarundi bashika ku 25 nibo bafatiwe muri Kenya ejo ku musi wa kane bariko baja mu bihugu vya Asia, niko ibinyamakuru vyo muri Kenya bimenyesha.

Igipolisi co muri Kenya kikaba cakoreye ku nkuru cahawe maze abagabo batatu bo muri Kenya bariko batwara abo barundikazi mu bihugu vya Asia maze barafatwa.

Abo bakenyezi bafatiwe muri Kenya bakamenyesha ko bahunga ugufatwa nabi mu ngo hamwe n’ubukene bwugarije igihugu cabo, maze bagaca baja mu bihugu vy’abarabu kuronderayo ubuzi.

Igihugu ca Kenya kikaba gikunze kuba yo nzira nyamukuru Abarundi n’abarundikazi bakunze gucamwo bagenda mu bihugu nka za Oman nahandi kuronderayo ubuzima.

Ariko rero, si bose bashikayo hama bakererwa muri ukwo kurondera ubwo buzima, kuko bamwe bafatwa nabi n’abakoresha babo nkuko vyama vyavuzwe n’abajayo.