Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya yarakombowe

0

Président John Magufuri akaba yafashe iyo ngingo kur’uyu wa kane aho yagiriza uwo mushikiranganji yitwa Kangi Lugola kuba yarakoze umugambi wo kubaka amazu ataruhusha rw’Inama Nshingamateka afise.

Uwo mushikiranganji akaba yaramaze igihe kinini akorana n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Burundi, Pascal Barandagiye, mu gutahukana impunzi z’abarundi bahungiye mur’ico gihugu.

Bamwe murizo mpunzi bakavuga ko batahukanwa kungumvu no kuburabuzwa mu nkambi bashikiwemwo abandi bagataha bagaca bagaruka. Ariko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati m’Uburundi bobo bakavuga ko abarundi babandanya gutahuka kugushaka kwabo.