Hasigaye amasaha make hakamenyekana umukandida mushasha w’umugambwe CNDD-FDD

0

Aho ni mugihe igikorane c’amasengesho ahuza amadini yose yatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD uri k’ubutegesti kuva mu mwaka wa 2005 caheze kur’uyu wa gatandatu inyuma yuko hazotunganywa ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe rizoba kur’uyu w’Imana mu ntara ya Gitega, yiswe umugwa mukuru wa politique.

Gushika nubu abarundi baracibaza uwuza gutorwa kuzoserukira uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kwa gatanu 2020. Mu gusozera ayo masengesho Président Pierre Nkurunziza akaba yasubiye kumenyesha ko atazokwitoza mur’ico kibanza.

Umunyabanga mukuru w’uwo mugambwe, Evariste Ndayishimiye, nawe akaba yasavye ko Umukuru w’igihugu mushasha azotorwa yoshira iterambere ry’abanyagihugu imbere.  Musenyeri Simon Ntamwana, atwara intara ya Gitega mw’ishengero Catholika, akaba yarashimye ijambo ryashikirijwe n’uyo munyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD, agasaba abarundi gusabikanya ivyo baronse kwatawomeregwa nabi abandi bishwe n’agahimbo.

Yarasubiye kumenyesha ko atawogira abarundi abaja nkuko yari yabivuze haraciye imyaka itanu ahubwo ko hokubahirizwa agateka ka zina muntu n’amategeko y’igihugu. Musenyeri Simon Ntamwana mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC yamenyesheje ko Ishengero Catholika