Inama nshikiranganji yemeje itegeko rigena Président Petero Nkurunziza nk’Imboneza ikunda Igihugu

0

Iyo nama nshikiranganji ikaba yabaye kur’uyu wa gatatu mu ntara ya Gitega yagizwe umugwa mukuru wa politike. Iryo tegeko rikaba ryavuye mu nama nshingamateka rije mu nama nshikiranganji mu nyuma Umukuru w’igihugu akazoriterako umukono. Mu kirimi c’igifaransa bakaba bavyise ‘’Guide du Patriotisme’’.

Mwomenya ko haheze ikiringo kitarenza umwaka umugambwe CNDD-FDD ugenye Président Petero Nkurunziza kuba Imboneza Yamaho canke Guide Eternel. Akaba atamakuru menshi araboneka igituma bamwise iryo zina, ni nkuru tubandanya tubatohoreza.

Mwomenya kandi ko bukeye bwaho ariho inama nshingamateka yatora itegeko ryo gutekerera Umukuru w’igihugu ahejeje ikiringo ciwe amahera angana umuliaridi w’amahera y’amarundi, inzu, ibimubeshaho hamwe n’umushahara.

Les fonctionnaires de l’Etat devront attendre encore six mois pour toucher leurs annales. Une ordonnance du ministère de la Fonction Publique vient de sortir pour rehausser les salaires d’autres fonctionnaires inférieurs à ceux des enseignants.