Umurwi w’ubumwe no kunywanisha abarundi ugiye gutangura ibikorwa

0

Abagize umurwi w’ubumwe bw’abarundi no kunywanisha abarundi barahiye icese murayo mabanga imbere y’umukuru w’igihugu hamwe n’inama nshingamateka kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2017.

Abo bagize uyo murwi w’ubumwe no kunywanisha abarundi barahiye ni Ambassadeur Guillaume RUZOVIYO,Alice NZOMUKUNDA,Musenyeri Justin NZOYISABA,Adolphe RUKENKANYA,Alphonse BAZONYICA,Zenon BIGIRIMANA hamwe na Mediatrice BIZABISHAKA.

Mu kurahira abo bagize uyo murwi,ukuboko kwabo kw’ibubamfu kwaba gufasha idarapo ry’igihugu n’iry’ubumwe bw’abarundi ,mu ndahiro yabo bagaruka ku majambo avuga ko bazorangura imirimo yabo bajejwe ata guhengama,badashize imbere inyungu y’umuntu numwe,kwitanga kugira batsimbataze ubumwe no kunywanisha abarundi bubahirije ibwirizwa shingiro ry’Uburundi amasezerano y’ubumwe bw’abarundi hamwe n’ayandi mategeko.

Mu bikorwa uyo murwi ujejwe gukora n’ibijanye no kumviriza hamwe no kunywanisha abarundi igihe cose hoba hari indayane mu ntumbero yo kubungabunga amasezerano y’ubumwe.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi mw’ijambo ryiwe buca hahimbazwa umusi wahariwe ubumwe bw’abarundi yamenyesheje ko umurwi ujejwe gukwirikirana urwo rwego washinze mu ntumbero yo gutsimbataza ubumwe mu barundi kuko ariyo nkingi y’amahoro.

Abenshi barashima ishirwaho ry’iyo mirwi ariko ikirindiranye igishika abantu n’ishirwa mu ngiro ry’ibikorwa baba bajejwe ata guhengama canke igitsure bakoreyeko.