Umucamanza yahagarikiye Raila Odinga arahira yirukanywe mu gihugu

0

Umunyamategeko Miguna Miguna ari mu bahagarikiye ibirori vy’iyimikwa vya Raila Odinga yirukanywe murico gihugu inyuma yo kwagirizwa ko yakoze ibintu biciye kubiri n’amategeko.

Bamwe mu bashingwamanza baburanira Miguna Miguna bamenyesheje ko uwo baburanira yirukanywe mu gihugu amaze gufungugwa.

Amakuru atangwa amenyesha ko ejo ku musi wa Kabiri ariho vyamenyekana ko Miguna yashizwe mu ndege ica Amsterdam mu gihugu ca Hollande imutwaye muri Canada.

Ico umuntu yokwibaza n’itegeko nyabaki ryoba ryakoreshejwe mu kumwirukana mu gihugu vyitwa ko ari igihugu ciwe yavukiyemwo.

Iradiyo BBC ishikiriza ko umushingwamanza Dr John Khaminwa yari mu baburanira Miguna Miguna yavuze ko yabwiwe ko uwo aburanira atakibarizwa ku bitaka bw’igihugu ca Kenya.

Reta ya Canada kikimara kumva amakuru ya Miguna Miguna caciye cacindikira igihugu ca Kenya aho cerekanye amakenga gifise kw’ihohoterwa ryiwe gica conger gisaba ko Miguna Miguna asanzwe afise ubwenegihugu bwa Canada yorungikwa murico gihugu.

Ntivyumvikana aho umuntu asigaye akundwa n’igihugu citwa ko atarico yavukiyemwo naho yoba afise ubwenegihugu bwaco gusumba igihugu yatayemwo uruzogi.

Umucamanza wo muri sentare nkuru Luka Kimaru yari yafashe ingingo yo kurekura Miguna Miguna ariko vyaje kurengwako n’umukuru w’urwego rw’iperereza hamwe n’umugenduzi mukuru w’igiporisi kandi bari basabwe n’uo mucamanza kutamwagiriza ikintu na kimwe.

Naho Miguna Miguna yafashwe yagirizwa ko yahagarikiye ibirori vya Raila Odinga ariko yirahiza nk’umukuru w’igihugu vyari vyiza kwacirirwa urubanza biciye mu mategeko mu gishingo co kwirukanwa mu gihugu ciwe.

Biracagarara ko ku mugabane wa Afirika inzego z’ubutungane naho zifata ingingo bigoye kugira Reta ishobore kuzubahiriza.