Abakomiseri 3 b’ umurwi w’ukuri no kunywanisha abarundi bimitswe mu mabanga

0

Abakomiseri batatu baheruka gutorwa kugira basubirire abavuye mu murwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi barahiye murayo mabanga imbere y’umukuru w’igihugu n’imbere y’inama nshingamateka.

Abo ba komiseri batatu barahiye ni Pasitori Clement Noel NZIZA,Patiri Pascal NIYONKURU hamwe na Leonce NGABO.

Umukuru w’uyo murwi w’ukuri no kunywansiha abarundi Musenyeri Jean Louis NAHIMANA yamenyesheje ubu bagiye kworoherwa mu bikorwa vy’umurwi bajejwe kuko bahora ari 8 inyuma yaho 3 bahora muruyo murwi bagiye mu bindi bikorwa.

Mu kurahira baba bafashe mu kubamfu ibendera ry’igihugu n’iry’ubumwe bwa barundi ukubuko kw’iburyo kuri hejuru bagasubiramwo amajambo ajanye nuko bazorangura imirimo yabo ata guhengama,ata gukumira kugira bamenye ukuri mu ntumbero yo kunywanisha abarundi mu kubahiriza amategeko agenga umurwi w’ukuri no kunywanisha abarundi.

Umurwi w’ukuri no kunyanisaha abarundi wategekanijwe n’amasezerano y’i Arusha ukaba ufise igikorwa co gutohoza ukuri kuvyabaye mu gihugu .

Abanyeporitike bamwe bashikiriza ko hatari bwagera ko uyo murwi ushingwa no gutangura ibikorwa kuko hakiri ubwicanyi n’ubundi bubisha bwibonekeza.

Abandi nabo bavuga ko uyo murwi hageze ko ujaho ugatohoza ivyabaye muri kahise kugira bishirwe ahabona,