Umurwi wa ONU ujejwe gutohoza k’Uburundi uriyamiriza kutihanganirana mu myiyamamazo

0

Mw’itangazo wasohoye kur’uyu wakane igenekerezo rya 14 rusama 2020, umurwi wa ONU ujejwe gutohoza k’Uburundi uvuga ko imyiyamamazo iriko iraba m’Uburundi irimwo kutihanganirana, gutubahiriza agateka ka zina muntu no gukomeretsanya. Uwo murwi ukavuga cane cane ko iyo mishamirano iba hagati y’imIgambwe CNDD-FDD na CNL isa n’iyikomeye k’urubuga rwa politike.

Uwo murwi ukavuga ko wateye akamo Leta y’Uburundi ko iyo mishamirano ishobora gutuma haba uruhagarara mu gihugu. Uwo murwi ukavuga kandi ko atakwidegemvya bikwiye vyo muri démocratie bihari bigatuma haba umutekano muke mu gihugu. Uwo murwi warashize ahabona kandi ukutigenga k’umurwi ujejwe gutegura amatora barabiye kutunenge twabaye mugutanga ikarata y’itora no kudasohora urutonde ntabanduka rw’abazotora.

Uwo murwi ukabona kandi ko ubutungane butigenga ko bukoreshwa na cane cane ukutizera Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro arinayo izokwakira ibirego vyashobora kuvuga ko amatora yibwe. Uwo murwi uhamagarira amasentare yo m’Uburundi nayo hanze no mukarere gukurikirana ibiriko biraba no guca imanza ataho begamiye kubazoba basheshe amaraso y’abenegihugu.

Uwo murwi ukavuga ko ubabajwe n’iyirukanwa ry’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS m’Uburundi muriki gihe c’imyiyamamazo n’ikiza ca coronavirus gisaba abantu kutegerana cane kugira ntibanduzanya.