Amatora ya ‘1993’ yoba agomba kuba mu 2020: ‘gutora ikiri ku mutima’?

0

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko hoba hagiye kuba amatora muri uyu mwaka amatora yabaye mu mwaka wa 1993 aho hatsinze uwutari yitezwe na gato.

Utu vyagenze gute? Mu mwaka wa 1993 hariko hiyamamaza imigambwe ibiri ikomeye ariyo UPRONA na FROFDEBU’ maze birangira FRODEBU itahukanye intsinzi muri ayo matora.

Icatanganje abantu batari bake nuko mu 1993 ari umugabvwe UPRONA wari umaze igihe kinini utwara Uburundi maze ubandanya wizera uzi yuko Abarundi babandanya bawizera.

Abari bahari ico gihe bavuga ko mu myiyamamazo ico gihe umugambwe UPRONA wegeranya amasinzi  mu gihe umugambwe FRODEBU wowo atanabantu baboneka bitaba imyayamamazo maze buraca Abarundi ‘baragahinyanyura mu tuzu tw’amatora batora ikiri ku mutima’.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona UPRONA ya kino gihe(CNDD-FDD ya ‘Samuragwa’) na FRODEBU ya none( CNL ya Rwasa Agathon).

Abihweza imyiyamamazo ya CNDD_FDD muri iki gihe barabona cane ko ari wo mugambwe uzotahukana intsinzi mu gihe bafata  umugambwe CNL wa Rwasa Agathon ko ari uguheza umwanya gusa.

Ariko hari abiteze ko Abarundi batari bake ‘bashaka ihinduka‘ haraho ‘bogahinyanyura‘ maze bakarondera ‘amaraso mashasha mu butegetsi bushasha inyuma y’imyaka 15 iheze’.

Umugambwe CNL kandi urakurikiranwa n’abantu hirya no hino kw’isi hamwe no mu gihugu kubera ko babona mbere n’abo muri CNDD-FDD babona ko uzohava ukora nk’ivyo FRODEBU yakoreye UPRONA mu mwaka wa 1993.

Burakeye turabe ico UPRONA na FRODEBU zo mu mwaka wa 2020 izotwereka ku wa 20 Rusama 2020.