Umugwizatunga Kirahwata yaragandaguwe kur’uyu wa kane

0

Amazina yiwe y’ukuri akaba yitwa Jackson Simbananiye, akaba yari umuvunjayi akomeye cane mu gisagara ca Bujumbura imbere yuko ahagarikwa mu bikorwa vyiwe vyo kuvunja amahera ava hanze y’Uburundi cokomwe n’abavunjayi bose bakorera k’ubutaka bw’Uburundi. Agikora ako kazi ko kuvunja, bose niwe babaza ku musi ku musi imbere yo kumvunja amahera mvamakungu.

Kur’uyu wa gatatu ku mugugoroba niho amakuru yatangura gutembera kumbuga ngurukana bumenyi avuga ko uyo muvunjayi atwawe ku nguvu agenda arakoma induru muri zone Rohera n’imodoka yo mu bwoko bwa TI mbere n’akarato kamwe yari yambaye kasigaye aho hantu bamuteruriye.

Ababibonye nibo basigaye baramutabariza hirya no hino ariko ntaco vyamaze kuko mu gitondo co kur’uyu wa kane baciye bamutora ikiziga muri zone Nyakabiga, Avenue de l’Imprimerie, aryamye mumufurege. Abantu benshi bakaguma bibaza icatumye uyo mugwizatunga agandagurwa vyihuse uko. Bamwe bakavuga ko yoba yariko arashigikira abatavuga rumwe na leta muriki gihe c’amatora kugira arabe ko yosubira gukora.

Ntihari haheze n’amazi atanu afunzwe yagirizwa kuvunja amahera avuye hanze hatisunzwe amategeko y’Ibanki Nkuru y’Igihugu. Akaba abaye umuvunjayi wakane agandaguwe kuva aho babahagarikiye gukora.