Inama ku bijanye n’ibarababra ry’indarayi hagati ya Tanzania-Burundi na Kongo

0

Mu ndwi twarangije harabaye inama yahuje abategesti baje bava mu bihugu bitatu arivyo Uburundi na Tanzania na Kongo yo kwiga ku bijanye n’ikibazo co gukora ibarabara ry’indarayi rizohuza ivyo bihugu bitatu.

Iryo barabara ryindarayi ryitezwe kuva muri Tanzania aho bita Uvinza mu ntara ya Kigoma hama ryinjire i Musongati mu ntara ya Rutana mu Burundi hama muri Itaba mu ntara ya Gitega ribandanya no gushika i Uvira na Kindu muri Kongo.

Uwo mwihwezo wabaye hagati ya Tanzania, Uburundi na Kongo watumye haba ivyigwa kuri iryo barababara kuva mu ntara ya Gitega kugenda Ngozi kugenda Kayanza kugenda Cibitoki hama Bujumbura hama muri Kongo kugira hihweze uko igihugu ca Kongo cofatanwa n’iryo barababara.

Ivyo vyigwa bikaba vyitezwe kuraba neza ibikenewe kugira ngo iryo barabara rizofatanya ibihugu bitatau rishirweho kandi rikaba rije abanyagihugu barinyotewe kubera ko rizokworosha ukwunguruza abantu n’ibintu.

Ibanki ya Afrika y’iterambere ikaba izofata mu mugambi uwo mugambi wo kwubaka iryo barabaraba. Abanyagihugu ba Tanzania n’Uburundi na Kongo ntiboreka kwishimira iryo terambree ryabashweyemwo.