Abarundi biga mu Bushinwa ntibemerewe gutaha mu Burundi

0

Abanyeshure biga mu Bushinwa babujiwe gutahuka mu gihugu c’Uburundi kubera umugera wa Coronavirus.

Ivyo vyamenyeshejwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu ko mbere abavyeyei bafise abana b’Abarundi biga mu gihugu c’Ubushinwa boba barabangiriye kubatahana kubera umugera wa Coronavirus.

Abavyeyi bafise abana biga mu Bushinwa bobangira kubatahana kubera ko bohava banduza abandi barundi bamaze gutahanwa mu gihugu.

Abavyeyi kandi bafise abana biga mu gihugu c’Ubushinwa basabwe gushika mu bushikiranagnji bw’amagara y’abantu guhera uyu musi wa 19 Ruhuhuma 2020 kugira bamenyeshe umwidondoro w’abana babo maze leta y’Uburundi ibafashe.

Ubushikiranganji bukamanyesha ko leta y’Ubushinwa imaze gushiraho ivya ngombwa vyo gusfasha abo bana b’Uburundi bari mu Bushinwa.

Mwomenya kandi ko uwuserukira igihigu c’Ubushinwa mu gihugu c’Uburundi yasavye ko abanyeshure baheruka gutahanwa bava mu Bushinwa baza mu Burundi bushirwa ukwa bonyene(mettre en quarentaine) kugira babanze basuzumwa ko ata mugera wa Coronavirus boba bafise.

Mwomenya ko igihugu c’Ubushinwa arico gisinzikaye cane nuwo mugera utaratorerwa umuti gushika ubu.

Ibihugu bibiri vyo muru Afrika arivyo Misiri na Swazilande bimaze kumenyesha ko bimaze kubona abarwayi bafashwe n’ico kiza ca Coronavirus.