Umuriro wateye Kaminuza y’Uburundi wononye vyinshi

0

Umuriro wiyadukije kuri uwu wa gatanu mu buriro bwa Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga bwatumye ibikorwa vy’ukurondera imfungurwa abanyeshure bo kuri iyo Kaminuza bihungabana. Ubwo buriro bwafashwe n’umuriro utamenyekanye ico uvuyeko.

Uwo muriro watanguriye mu gikoni ahasanzwe hategurirwa imfungurwa z’abanyeshure basanzwe baba mu buraro bwa Kaminuza y’Uburundi, ikigo ca Mutanga, ukaba watanguye nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango.

Igipolisi kijejwe gukinga impanuka cagerageje kunyaruka kuzimya uwo muriro, ariko kikaba casanze bimwe mu bikoresho vyo muri ico kigo bimaze kwononekara cane, ariko bakaba bashoboye kuzimya umuriro utaragera kure. Icuma gitegura amafiriti abo banyeshure barya kikaba cahiye cose kiratokombera.

frite

Mu buyobozi bw’iyo Kaminuza bavuga ko bataramenya icoba cateye uwo muriro, ariko bikaba bivugwa ko woba wavuye ku ntsinga z’umuyagankuba.