Masterland yakeje Messager Ngozi kuba watahukanye igikombe c’umukuru w’igihugu

0

Umuririmvyi w’umurundi akongera akaba umuhinyanyuzi ariwe Masterland yakeje cane umugwi wa Messager Ngozi kubona washoboye gutahukana igikombe c’umukuru w’igihugu mu gutsinda umugwi wa vitalo usanzwe umenyerezwa n’umumenyereza ava mu gihugu c’ubudagi ariwe Michael Weiss
messager ngozi
Masterland ati:Messager Ngozi muri intwari kubona muteye iteka intara yacu ya Ngozi mu gutsinda umugwi twize mu bitabo kuva tukiri mu mashure mato mato tutarakura,ariko mukaba mubatsinde kandi bibonetse yuko n’umupira mwawubarushije,
Masterland akabandanya avuga ti indirimbo zose ngiye kuririmba nzokwama mvuga izina ry’umukinyi yashoboye gutsinda co guha intsinzi uyo mugwi wa Messager Ngozi,uyo nawo suwundi n’umukinyi Enock Sabumukama

Tworangiza tubamenyesha ko Masterland asanzwe ari umuririmvyi n’umuhinyanyuzi ava mu ntara ya Ngozi