Muyinga : Umuporisi yasabiwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose

0

Sentare nkuru y’intara ya Muyinga yasabiye kuri uwu wa kabiri mu ntahe y’icese, umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose umuporisi azwi kw’izina rya APC Emery ARAKAZA w’imyaka 39.

Uwo muporisi asanzwe apfunzwe kuva kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2018 yagirizwa ko yivye akoresheje inkoho y’akazi, yongera akubita umunyagihugu yahavuye yitaba Imana. Ivyo vyaha uko ari bibiri yagirizwa ko yabikoze mw’ijoro ryo kw’’igenekerezo rya 23 rishira uwa 24 Ndamukiza 2018, kw’isoko y’i Murama mu ntara ya Muyinga, aho yagirizwa ko yivye mu nzu y’ubudandaji (Boutique) amafaranga agera ku miriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu na mirongo ine y’amarundi).

Umuporisi APC Emery ARAKAZA arahakana ivyo yagirizwa, akavuga ko ari irementanya yakorewe n’abashaka gucapfuza izina ryiwe.

Uwaserukiye Reta muri urwo rubanza (Ministere public) yasabiye uwo muporisi umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose, urubanza rukaba rwashizwe mu mwiherero.

Bitegekanijwe ko urwo rubanza ruzosomwa kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 21 Nyakanga 2018.