Inyifato nziza umuntu yogira kugira akire kwishikagura umushatsi

0

Kenshi na kenshi turabona abantu bakunze kwishikagura umushatsi ugasanga akaboko kabo kaguma
mu mutwe canke ku ngohe, mbere ahantu usanga hakunda kuba umushatsi.

Abantu barakunda kuvuga ko ari akageso gasazwe yamara kubw’ikinyamakuru “Passeport santé”, ngo
ni ingwara ijanye n’inyifato.

Iyo ngwara rero mu gifaransa yitwa « Trichotillomanie ». Ni ijambo risigura inyifato abantu basazwe
bafata nkiyisazwe kandi bibabaza ababikora. None vyoba biva kuki? Ni gute umuntu ashobora gukira ?

Abafise iyo ngwara baguma bashikura umushatsi kandi badaheza, aho rero biravana aba ari umushatsi
wo ku mutwe, ingohe canke ahandi hari umushatsi. Babikora rero iyo bafise ubwoba, bariko bariyumvira
canke bagashikura uwo mushatsi iyo badafise ico bakora canke kuko umwanya wose bumva bokora
mu mutwe.

Birakarira rero cane cane abana bakiri bato hamwe n’abayabaga mugabo ku myaka yose birashobora
gushikira n’abantu bakuze. Igituma rero naho benshi batavyumva ngo ni ingorane y’inyifato irangwa no kutihanganira ubwo bushake bwo kwishikagura umushatsi, ivyo navyo bikagira inkomoko iva ku kuntu umuntu aba
yararemwe hamwe n’ubwonko bwiwe.

Naho bisa n’ibisazwe, kwishikagura umushatsi birafise ingaruka zitari nziza kubwa “Passeport santé” harimwo izo kutaboneka neza mu bwiza ico bita “esthétique” hamwe rero n’ingaruka mu vy’inyifato.

Ubwa mbere abantu barashobora kwishikagura umushatsi ku buryo baheza igipande c’umutwe umuntu
agasigara aribaza ko ari nk’ubuhanza kandi uko kuntu umuntu agumiza akaboko mu mutwe
biranamutera isoni mu bantu akumva umenga si umuntu nk’abandi kandi arababara mu bigumbagumba
vyiwe murico gihe rero biramutera nko kwigunga akareka kubivuga, na cane cane ko iyo ngorane n’abaganga
batayizi gose.

Umuntu yokora iki kugira ngo avavanure nako kageso ko kwishikagura umushatsi ?

Ica mbere n’uko umuntu kuri wenyene yibonako iyo ngorane. Kenshi abantu bafise ako kagorane
ntibakunda kuvyemera kandi baranabifata minenerwe.

Icambere umuntu yomenya ko ata muti batanga ubiheza ku kubera ahanini ari inyifato ivana n’ukuntu
umuntu aba ameze ariko ariyumvira, yagize ubwoba. Kugira rero umuntu akire birasaba
ko abishiramwo ubugombe n’ishaka.

Ibintu umuntu yokora nyamukuru kugira avavanure niyo ngorane yo kwishikagura umushatsi iminsi
yose umwanya wose ni ibi :

Icambere ngo ni uguhindura kamenyere ivyo navyo umuntu abigenza gute ? Gukora ikindi kintu
gitandukaye no gushikura umushatsi utwaye akaboko mu mutwe canke ku ngohe nk’akarorero
urashobora gupfunga ingumu wumvise ushaka kwishikura umushatsi canke ugatwara ukuboko hasi
ukagufatisha ahandi ku kindi gihimba c’umubiri atari ku mutwe.

Ica kabiri uri muhira, urashobora no kwambara igitambara ivyo navyo ngo birafasha cane cane
ku bakenyezi.

Ikindi rero ni ukuguma umuntu afise ico akora mu mwanya yageneye ibintu vyiwe, nk’akarorero hari abantu
baja ku meza bakagumayo umwanya munini ivyo navyo si vyiza biratuma urya mwanya ataco ubufise
ukora ucuburashikura umushatsi, Vyiza rero ngo umuntu yorondera utuntu akora kuko navyo biri
mu bituma umuntu akira.