Umupasitori w’umurundi yafunzwe yagirizwa gufata ku nguvu ‘intama ziwe’ muri Australia

0

Umupasitori w’Umurundi yafunzwe yagirizwa gufata ku nguvu aba yahora amenyereza mu bijanye no kuririmba(Choir members) arizo ‘intama ziwe’ mu gihugu ca Australia.

Nk’uko tubikesha ikinyamakuru Daily Mail, uyo mupasitori yamuka mu Burundi yitwa Shartiel Nibigira(afise imyaka 44) yahunze igihugu c’Uburundi hama arahavura aronka ubuhungiro mu gihugu ca Australia aho yari umukuru w’idini muri ico gihugu.

Mu vyaha yagirizwa hariho gufata ku nguvu, gukorakora canke gukuyakuya bitabereye utwana tw’udukobwa tudashikana imyaka 15.

Sentare ya Australia ikaba imwagiriza ko yakoze ivyaha bibaza ku mubiri aba bana b’abigeme bitwa ko bariko ‘bamenyerezwa nawe mu bijanye no kuririmba’.

Daily Mail imenyesha ko nk’akarorero uyo yitwa ngo ni Pastori, Shartiel Nibigira, yafashe ku nguvu akana k’akigeme muri douche(ubwogero) hama aca amuha amadolari 20(nka 32 000 FBU) kugira ngo ako kana k’akigeme kanume ntikabivuge.

Sentare ya Australia ikaba imwagiriza ivyaha bishika ku 20 maze akaba yaciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka 11 mu gihugu ca Austraila.

Nk’uko Daily Mail ibishira ahabona, uyo Salthiel Nibigira ashobora kwirukanwa muri Australia inyuma yo kurangiza ico gifungo c’imyaka 11 maze akazanwa mu Burundi ubutarariye.

Daily Mail  ivuga kandi ko abagize umuryango wa Nibigira baciye baraba bamwe bamwe bamaze kwumva amabi yakorwa na Nibigira maze bajanwa mu bitaro.