Ibiciro vy’ibifungurwa vyaduze naho leta yakoroye igiciro c’amafaranga y’agaciro

0

Ibiriko biraba mu Burundi biriko bitandukira gushika ku kugorana kwironsa ivya nkenerwa mu buzima, nk’akarorero ibifungurwa umuntu muri rusangi ashobora gufungura kugira abeho.

Nk’uko ikigo ca ONU, FAO kibishira ahabona, kuva mu kwezi kwa Munyonyo 2019, ibiciro vy’ibifungurwa mu Burundi vyaraduze cane kandi bukwi na bukwi.

Icibonekeje cane ku kuduga kw’ibiciro vy’ibifungurwa n’igiciro c’inyama cavuye ku mafaranga 8000 FBU kija ku mafaranga 10 000 FBU muri iyi misi ya vuba.

Bamwe bamwe mu Barundi bakibaza impamvu ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa biduga kandi leta yarakoroye igiciro c’amafaranaga y’agaciro(Dollar na Euro).

Leta ikaba yarakoroye ama dollars gushika ku kuvunja idollari rya Amerika ku 2130 FBU kugira ngo amagfaranaga y’agacjro abandanye afise agaciro nayo.

Benshi baribaza ko n’imiburiburi ibintu vya nkenerwa nk’ibindandazwa mu Burundi vyociye bimanuka mu biciro ariko biriko biba ibihushane naho idolari ryakorowe igiciro na leta.

Umwe akorera mu gisata co kuvunja amafaranga y’agaciro yavuze ko naho leta yafashe iyi ngingo ibintu vyarushirije gukomera.

Yongerako ko icakurikiye aruko amafaranga y’agaciro yaciye abura gusumba uko yaboneka kuko baba abayagura n’abayagurisha ata numwe ayasohora ku giciro gitoya casizweho na leta y’i Gitega.

Mwomenya ko amafaranga y’agaciro nka dollars yahora avunjwa gushika ku 2800 canke 3000 kuco bise marche noir mu misi yahera kandi ibiciro ntivyari bwaduge.