Umunyeshure yibungenze ntiyarakwiye kuvurwa ku buntu atavuze se w’umwana

0

Ivyo ni vyavuzwe na Reverien Ndikuriyo, atwara Inama nkenguzamateka mu gihe yariko agendera ikomine ya Makamba kur’uyu wa gatatu. Umukuru w’Inama nshingamateka akavuga ko abanyeshure batwara inda z’indero ntibari barekuriwe kwibaruka k’ubuntu.

Reverien Ndikuriyo akavuga ko uwo munyeshure bimenyekanye ko afise inda azoca akorerwa dosiye muri parake kugira avuge se w’umwana imbere yo kuvugwa canke inyuma yaho yamaze kwibaruka. Reverien Ndikuriyo akavuga kandi ko abo banyeshure bavyara ku buntu batwara amahera menshi leta mu kwibaruka k’ubuntu.

Benshi ku mbuga ngurakana bumenyi basomye ico ciyumviro bavuze ko arivyiza ko base bamenyekana ariko ko bobanza bakakira uyo mwana yibungenze kugira ntagire ingorane canke ngo benshi baje muvyo kuzikuramwo.