Boba bariko barategura abantu kwakira umukandida wa CNDD-FDD ?

0

Igicapo cerekana General Evariste Ndayishimiye adugije indamutso y’umugambwe CNDD-FDD asanzwe ari umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe uri kubutegetsi casohotse ariko ntawuzi uwagisohoye. Ikoraniro kaminuza ry’uyo mugambwe rikaba ritegekanijwe itariki 25 nzero aho hazogenwa uwuzoserukira uwo mugambwe mu matora yo mu 2020 ategekanijwe itariki 25 Rusama 2020.

General Evariste Ndayishimiye, avuka mu ntara ya Gitega komine Giheta, akaba yagenwe kurongora umugambwe CNDD-FDD itariki 20 z’ukumunani 2016. Akaba yinjiye mumuhari ugwanya leta  FDD mu mwaka w’i 1995 aho yarahunze ava muri kaminuza y’Uburundi mu gihe hari ubwicanyi bwinshi. Kurugamba akaba yaratwaye uburere bwinshi bwa gisirikare.

Inyuma yaho umuhari FDD usinyiye amasezerano yo guhagarika intambara, General Evariste Ndayishimiye akaba yarabaye icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ivya gisirikare n’ibikorwa vyo mu biro vy’umukuru w’igihugu, yararongoye n’Umurwi ujejwe inkino zose m’Uburundi CNO imbere yo kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD.

Nkuko vyanditswe n’ikimenyeshamakuru Jeune Afrique, General Evariste Ndayishimiye akaba ari umuntu ashira imbere iterambere, kugira imigenderanire myiza n’amakungu. Ikinyamakuru Jeune Afrique kikavuga ko batarumva avugwa mu bikorwa vyo gusesa amaraso canke gusesagura amatungo y’igihugu.