Ikiziga c’umugabo ataramenyekana kiri mu buruhukiro bw’ibitaro Roi Khaled

0

Umugabo ataramenyekana yatowe ikiziga mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu muri karitiye ya Nyabagere iri muri zone Gihosha, igisagara ca Bujumbura.

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko biboneka ko uwo mugabo bamunigishije umugozi.

Kubwa Petero NKURIKIYE, biboneka ko uwo mugabo yakuwe ahandi, atabwa muri ico kibanza yamaze kwicwa.

Mu kurindira ko uwo muntu yomenyekana, mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bafashe ingingo ko ico kiziga coba kiratwawe mu buruhukiro bw’ibitaro vyitiriwe Umwaka Khaled (Hôpital Roi Khaled).

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here