Umumenyeshamakuru wa BBC yaraye mu gasho k’igendereza i Bujumbura

0

Igiporisi c’Uburundi cahagaritse kuri uwu w’Imana abamenyeshamakuru babiri bariko bakorera muri karitiye ya Mutakura, zone Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura. Abo bahagaritswe ni Julia Steers umunyamerikakazi, hamwe na Gildas YIHUNDIMPUNDU akorera radiyo BBC.

sti

OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko abo bamenyeshamakuru bagirizwa ko bariko baragerageza kuzimanganya ivyagiriji vyo mu kibanza cahambwemwo abantu benshi, aho akaba ari mu gihe bafatiwe ku Mutakura kw’ibarabara ry’umunani nomero 40, ku rugo rwagandagurimwo abasore babiri b’amahasa, hamwe na se wabo. Abo bamenyeshamakuru bariko bakora ku vyerekeye amazu yatawe na beneyo kubera ivyabereye muri iyo ako gace kamwe mu twiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Umunyamerikakazi Julia Steers asanzwe yari afise uruhusha rwo gukorera vy’imfatakibanza mu Burundi (Accréditation) yumvirijwe n’igiporisi, ariko akaba yaciye arekurwa ashikirizwa ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi. Umurundi Gildas YIHUNDIMPUNDU akorera BBC bari kumwe yaciye ariko ajanwa gupfungirwa mw’igendereza i Bujumbura, aho yaraye ijoro ryiwe rya mbere, nk’uko vyemezwa n’igiporisi.

pierre-nkurikiye

Mu giporisi c’Uburundi bamwagiriza ko yajanye muri ico kibanza uwo munyamerikakazi batabimenyesheje abajejwe intwaro n’umutekano. OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yagize ati : “Ivyo bibanza bitegerezwa gukingirwa kuko n’ivyemezo bihambaye ku bwicanyi bwakozwe n’abagumutsi”