Umumenyeshamakuru Kenny Claude Nduwimana aratungwako urutoke kubiba amacakubiri

0

Amajwi yafashwe n’umumenyeshamakuru Kenny Claude Nduwimana avuga ko arongoye ikinyamakuru gica ku buhinga ngurukana bumenyi citwa Izuba aragirizwa kubiba amacakubiri mu gihugu c’Uburundi. Abatari bake barimwo abamenyeshamakuru bari mu Burundi n’abahunze n’abaharanira agateka ka zina muntu bariyamiriza imvuga yuwu yiyita ko ari umunyamakuru muyobozi w’ikinyamakuru Izuba.

Mumajwi yiwe akavuga ko ubwoko bwabatutsi bwamaze ubwoko bw’abahutu m’Uburundi mu gihe umurwi CVR ujejwe gushira ahabona ubwicanyi bwabaye m’Uburundi uriko urazura amagufa yabishwe. Uwo murwi nawe ukaba utaravuga abishe abandi ukaba umaze kwakira abafise ico bazi kubwicanyi bwabaye m’Uburundi. Ariko Pierre Claver Ndayicariye arongoye uwo murwi CVR akavuga ko ubwoko bwose bwabuze mur’ubwo bwicanyi bwabaye m’Uburundi kuva Uburundi busubiye kuronka ukwikukira mu 1962 n’imbere yaho. Murico gihe hari abavuga ko umurwi CVR uhengamiye ku bwoko bumwe mukurondera ukuri.

Ikinyamakuru Iwacu biciye kuwahoze akirongoye, Antoine Kaburahe, ubu yahunze igihugu yasavye uwurongoye umurwi CNC ujejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora ko yokwaka uwo mumenyeshamakuru Kenny Claude Nduwimana ikarata y’abamenyeshamakuru kubera ariko arabiba urwanko mu Barundi hakavamwo n’intambara. Umukuru w’umurwi CNC, Nestor Bankumukunzi, asanzwe ava mu bwoko bw’abatusti yamwishuye ko uyo mumenyeshamakuru atamuzi ko atakarata y’abamenyeshamakuru afise kandi ko Antoine Kaburahe yokwandika ikete ryo kubeshuza ivyo yanditse muriryo kete. Ivyaciye bikorwa na Antoine Kaburahe ariko akaba atemeye ko Nestor Bankumukunzi atazi Kenny Claude Nduwimana.