Sentare ntahinyuzwa yasavye gusubiramwo urubanza rwa Germain Rukuki

0

Uwahoze arongoye igisata c’ubutunze mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, Germain Rukuki, yaraciriwe na sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa imyaka 32 yo gufungwa yagirizwa kuba ari mu mirwi y’imyiyerekano, guhungabanya umutekano, kugumuka kubategesti. Germain Rukuki akaba amaze imyaka itatu mu gasho mu ntara ya Ngozi.

Sentare ntahinyuzwa inyuma yo gusabwa gusubira kwihweza urwo rubanza yaciriwe yamenyesheje kw’itariki 30 ruheshi uyu mwaka wa 2020 ko urwo rubanza rwosubirwamwo kuko harimwo ibitumvikana vyinshi. Ingingo ya sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa ikaba yaciye ifutwa kugira isubirwemwo niyo sentare nyene.

Sentare Ntahinyuzwa ikavuga ko uko ari kurengera ubwigenge bw’abenegihugu bwo gukurikirana ivya politique no gushikiriza ivyiyumviro no kuja mu mashirahamwe.

Umukuru w’iryo shirahamwe ACAT_Burundi, umushingwamanza Armel Niyongere, akaba yarashimishijwe niyo ngingo, mugabo akavuga ko arivyo kwitondera no kuguma arikanuye kugira Germain Rukuki ashobore kuronka umwidegemvyo. Abandi baharanira agateka ka zina muntu bakabona ko iyo ngendo yo gusubiramwo urwo rubanza yerekana ko Leta nshasha y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ishaka gukorana na bose aho kwiyugara.