Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, agiye guhagurukira kurwanya COVID-19

0

Umukuru w’igihugu c’Ubrundi, Evariste Ndayishimiye, yaraye atanganje ko agiye gushiramwo inguvu nyinshi mu bijanye no kurwanya ikiza catikije inganda arico Coronavirus.

Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko agiye kurwanya ikiza ca Coronavirus mu gutegeka abanyagihugu bose ko bokwubahiriza amabwirizwa y’isuku.

Ndayishimiye Evariste akaba yavuze ko ‘umunyagihugu wese azorenga ku mategeko yo kurwanya no kwikingira Coronavirus azohanwa’.

Iyo ngingo ya Ndayishimiye yaratangaje benshi cane na rirya umukuru w’igihugu yahahora, Petero Nkurunziza, uwavuga ko ikiza ca Coronavirus kidateye ubwoba na gato.

Ubu nk’uko Ndayishimiye yabivuze, biraboneka ko Uburundi butakiri  ‘munsi y’ikiganza c’Imana’ ngo ibukingire.

Ubu igihugu c’Uburundi kigeze ku bantu bashika 170 bamaze kwandura ico kiza nk’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bubishira ahabona.