Agasandugu k’ibirego kuri buri komine koba kagiye kugabanya ibiturire?

0

Mw’ijambo umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye yashikirije ko agiye gushiraho agasandugu k’ibirego n’ivyiyumviro kuri buri komine mu ntumbero yo kurwanya ibiturire.

Muvyo Ndayishimiye yavuze, ako gasandugu k’ibirego n’ivyiyumviro kazofasha abazoba babonye abategetsi canke abarundi abo ari bo boseb biba amahera ya leta kubashira ahabona.

Evariste Ndayishimiye yavuze ko ako gasandugu kazokwugururwa n’intumwa yiwe gusa ivuye mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Ako gasandugu kazotuma abo bose basesagura no kwiba ubutunzi bw’igihugu bafatwa bitarinze kugorana nk’uko bamwe bahora babikora binyegeje.

Wumvirije ayo majambo Ndayishimiye yavuyze bisobanura ko uwoba agifise agatima ko kwiba amafaranga y’igihugu canke kurenganya abandi barundi agiye kugira ubwoba.

Abarundi batari bake barashima iyo ngingo ije hageze kubera ko bazoba bariko barishikira ku mukuru w’igihugu mu buryo bunaka.

Ubwo abansi b’iterambere ry’Uburundi bazokwemera ko ako gasandugu k’ibirego n’ivyiyumviro kagakora neza?Nivyo guha imisi.