Président Ndayishimiye ntaco yavuze kwisubirwamwo ry’amabarabara

0

Iri n’ibarabara rica muri zone Musaga muri mairie ya Bujumbura ryaraye rihatswe kwiha inkumbi aho imodoka yatembagaranye n’ivu gushika mu mwonga. Ivyo bikaba vyabaye kur’uyu wa kane, abantu baca kuriryo barabara bakaguma basemerera ko iryo barabara ryosubirwamwo kuko ibarabara rija mu Rumonge ryononekaye cane irica i Gitega naho hoba ari kure cane kubantu baja mu ntara z’ubumanuko (sud).

Mumigambi umukuru w’igihugu mushasha yihuta  6 yashikirije ntagusubiramwo amabarabara yavuze. Yamenyesheje ko agiye kurwanya bimwe biboneka abanyuruza amatungo ya Leta n’abarya ibiturire. Benshi bakabona ko aho ariho hazova amahera yo gukora amabarabara, igikorwa gisaba amahera menshi yamanyamahanga kuko ibikoresho biva hanze. Benshi bakabona ko ivyo gukora amabarabara vyoshigwa mu migambi yihuta kuko acitse ubuzima n’ubutunzi bw’igihugu bwohagarara.