Umukuru w’igihugu agiye gusohoka igihugu aja muri Guinee Equatoriale

0

Kuri uyu musi wa 2 Munyonyo 2020, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, aritezwe ku murwa mukuru w’igihugu ca Guinee Equatorial mu rugendo rw’akazi muri ico gihugu co muri Afrika y’Uburengero.

Mw’itangazo reta yiwe yashize ahabona uyu musi, rivuga ko Ndayishimye ajana n’umutambukanyi wiwe, Angeline Ndayishimiye muri urwo rugendo.

Iryo tangazo rikaba ribandanya rivuga ko urwo rugendo umukuru w’igihugu arukoze mu ntumbero yo gukomeza ubucuti hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Mwomenya ko umukuru w’igihugu yaheruka gusohoka igihugu atumweko na mugenziwe wo mugihugu ca tabzania ariwe John Pombe Magufuli.

Evariste Ndayishimiye yoba ariko yitaba akamo yatewe n’amakungu ko kuja aritaba amanama mpuzamakungu ubona ko Uburundi bwari bwariyugaranye kuva mu mwaka wa 2015?