Ibikorwa bikuru bikuru bizorangurwa mu mwaka uza wa 2021 na Leta Nkozi. Isoko nkuru ya Bujumbura ntirimwo

0

Imigambi mikuru mikuru izorangurwa mu mwaka uza wa 2020-2021 nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere, Alain Guillaume Bunyoni, hari imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka kur’uyu wa kane. Isoko mkuru ya Bujumbura ikaba itarimwo mu nyubakwa zizosubirwamwo. Iyo soko ikaba yubatswe mu mwaka w’i 1994 ica isha mu mwaka wa 2013 itariki 27 nzero. Ikaba yinjiza ku kwezi imiliaridi zirenga 3 mu kigega ca leta n’abantu barenga  ibihumbi 10 bakorerayo bahakura ikibabeshaho.

– Kuronsa intebe zirenga 200.000 amashure bigaragara ko azikenye cane. “Uburyo bwazo bwaramaze kwegeranywa”
– Ishirwa mu ngiro rya rwa rwego nshingwakirundi (Académie Rundi)
– Gutunganya icegeranyo cerekana neza ingaruka ikiza ca Koronavirisi cagize ku butunzi bw’igihugu

Gutunganya neza amasaha y’akazi ku baganga bakora ku mavuriro canke ku bitaro vy’igihugu ariko bakaba baruguruje amavuriro yabo bwite
– Gufasha kugira ngo n’imiburiburi habeho abarundi bashika 20 baronswa akazi mu mashirahamwe mpuzamakungu
– Gutunganya itegeko risubizaho Intahe yo ku mugina
– Kurungika hanze abasirikare barongora igisirikare c’igihugu kurondera ubumenyi banaronswe n’isohorero ry’ibitabu rigezweho.
– Gutanguza ivyigwa vy’iyubakwa ry’ibarabara ry’indarayi #Gitega mpaka muri #Congo
– Guheraheza kwubaka ibarabara nomero 18, irya 15 ndetse n’ukwagura incuro zibiri inzira igana Ikibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye
– Gutunganya igicapo cerekana uko igisagara ca Gitega kibwirizwa gutunganywa.